IKIRUNDI_news

Meili ngo hari igikonkwano yahaye abafana biwe kugira asohore iyindi

Indirimbo yindi nshasha ya Meili ngo iri mu nzira, ivyo bishikirizwa n’uwo muririmvyikazi ubwiwe, aho yariko ashimira abantu bamubaye hafi mu gusangiza abantu igikorwa ciwe yise “Arabesha” kigeze kuri Views 89,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Uwo muririmvyikazi akaba yamenyesheje ko iyo ndirimbo imaze gushigikirwa birenze uko yavyibaza, aho akavuga ko ibibanza vyose imaze gufata mu mahiganwa atandukanye imaze kwitabira, harimwo n’iyo muri Buja Fm Gitega aho yafashe ikibanza ca mbere, vyose ari vyiza cane.

Muri Video y’umunota 1 n’inusu yasangije abamukurikirana, yavuze ko iyo ndirimbo yiwe iramutse ikwije Views 100,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube, ngo azoca ashira ahabona iyindi ndirimbo nshasha. Mu vyumvikanye, iyo yindi nayo nyene ngo yoba imaze guheza gutegurwa.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Arabesha ya Meili iriko irababa indwi 4 isohotse, ikaba yaje ikurikira iyimaze amezi 4 nayo nyene yikoranye yise DUKATE ari nayo yatanguriyeko yungutse Views zirenga 10,000 mu gihe ubwo buheta bwayo bwariko burafata imitima ya benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037