homepage

Messi asabwa guhungisha Umwana w’umu afghan aba Taliban bashaka kwica bamumuhora

Umwana w’umu fan wa Messi arasaba ko uwo mukinyi yomufasha mu kumukura mu magorw arimwo mu gihugu ca Afganistan. Uwo akaba yaheruka kumuha akaganuke k’umupira wo kwambara wa Argentine co kimwe n’umupira w’ugukina.

Uwo mwana akaba abishikirije mu gihe abitwaje ibirwanisho bo mu murwi w’aba Taliban batamuraba ryiza kuva atanguye kumenyekana. Abo bakaba ngo bashikiriza ko bazomugandagura bakamukata ibice mu gihe bomufata, nkuko umuvyeyi w’uyo mwana yabiganiriye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP.

Uwo mwana azwi nka Murtaza n’abavyeyi biwe bakaba barataye barahunga akarere ka Joghari kari  mu majepfo y’umurwi mukuru wa Afganistan, Kabul. Se akaba yabwiye AFP ko abo barwanyi bibaza ko aho ahuriye na Lionel Messi ngo yoba yamuhaye amafaranga y’umurengera, noneho ngo batangura kubagirako iterabwoba, ryatanguriye n’ukubatera ubwoba ko bazomunyuruza. Mu nyuma batangura kubona abantu bikika ijoro noneho bakaguma bagenzura inzu yabo, noneho bihindukirira muma telephone.

Mu mwaka wa 2016, Murtaza akaba ariho yamenyekanye cane bivuye kw’I foto yakwirakwijwe yiwe yambaye aga sachet kanditseko izina rya Messi n’inomero yambara mu murwi wiwe wa Argentine. Murtaza akaba yabwiye abanyamakuru ko ngo niyakura yipfuza kuzoba Messi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686