homepage

Mijuriro ati ababishoboye barajanisha n’ibicurarangisho kavukire

Mijuriro ngo abo abariko barakorana ngo barashoboye kujanisha ibicurarangisho kavukire n’indirimbo zabo.

Mathias Mijuriro inararibonye mu muziki ndundi na cane cane mu bicuraranhisho kavukira, avuga ko bikunda ko umuziki wa none ushobora kujanishwa n’ibicurarangisho kavukire. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye na Indundi Tv.

Uwo muhinga muri ivyo bicurarangisho amaze guserukira Uburundi akatari game, akaba avuga ko amaze kubona babikora kuko ngo birakunda cane.

Muri ico kiyago, hakaba habonetse ko bari muri Kim Frans Records, imwe mu zisanzwe zibashigikira, kuko we avuga ko ata buryo afise bwo kwirihira izo nzu. Akavuga ko ababishoboye baziriha, hama nawe bakamurya urwara. Akaba yariko akorana na Buramatari ku rukurikirane rwiwe rushasha.

Mijuriro akaba abishikirije mu gihe hagize igihe haboneka urunganwe rugize igihe rukoresha umwe mu midiho ya hano iwacu, co kimwe n’ibicurarangisho mu guhinyanyura indirimbo zabo, kandi bikabaka biryoshe nkuko abavyumviriza babishikiriza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686