BurundihomepageIKIRUNDI_news

Miss Dative ngo urutari ruke mu rwaruka rw’abarundi rwishinga ibirori, akazi ntiberekwa

Miss Dative Uwimana avuga ko naho atari bose ariko ngo urwaruka rw’abarundi rutari ruke ngo n’ibinebwe. Uwo mwigeme asanzwe afasha abantu gutembere igihugu cacu c’Uburundi avuga ko urwo rwaruka rwari rukwiye guhaguruka rugakora.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yishura kuri ico kibazo ngo “N’ikihe kintu urwaruka rw’uno musi rukora kikubabaza? Kandi dushobora guhindura”, yavuze ko urwo rwaruka arirwo ruzoteza imbere igihugu, ariko rubanje gukura amaboko mu mpuzu nk’abandi bo mu bindi bihugu aho batagaya akazi na kamwe.

Yagize ati : “Reka mvuge cane cane urwaruka rw’abarundi, nukuri si bose je precise, mugabo benshi n’abanebwe, birambabaza cane. Dukunda ikirori gusa ariko ntidufata umwanya ngo twicare tube innovative na Creative.None igihugu cacy kizotera imbere gute? Iyo usohoka urabona ukuntu urwaruka rwahandi bakunda gukora ntawanka akazi uko kari kose, mugabo ino bose bigumira muhira ngo nta kazi gahari. Barundi bene wacu, duhaguruke dukore ndabasavye. Uburundi ni twebwe burindiriye.”   

Ivyo uwo mwigeme akaba yabishirije mu gihe yari mu rugendo muri Tanzania ho yaragize imisi asangiza abantu amashusho aboneka mw’izinga rya Zanzibar.

Miss Dative Uwimana ari muri bamwe 3 batorwa muri Miss Burundi, akaba aheruka gutanguza ibikorwa vy’ikigo gifasha abantu gutegura ingendo zitandukanye zo hagati mu gihugu, aho baba bagiye kuratira ijisho ubwiza bw’igihugu cacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717