IKIRUNDI_news

Miss Liesse Delicia ngo yaciye mu canzo mu kuja muri Miss Golden Africa

Abavuga ko ukutaronka ikibanza ca 1 muri Miss Burundi ari ukutagira amahirwe, ntibabihurizako na Irakoze Liesse Delicia yagiye muri iryo higanwa aserukira intara ya Mwaro, kuko kubwiwe ngo niko biba vyanditswe.

Uwo mwigeme w’imyaka 20 yarafise numero 26 muri iryo higanwa ryari rimaze imyaka 3 ritaba niwe azoserukira Uburundi muri Miss Golden Africa, ikibanza yaronse ataramenya nuko atazoba no muri 3 ba mbere muri iryo higanwa ryatahukanywe n’umunya Bujumbura Iteka Livia Thiana.

Ayo mahigwe uwo mwigeme akaba yayahawe na Miss Global Burundi 2020 ariwe Irene Laura Uwimana azwi cane nka Iry Tina, kuko kuba ariwe Marraine w’ico gikorwa kizoba muri Africa, ariko asanzwe ari mu basanzwe bari mu mugwi uriko urabitegura.

Uwo mwigeme niwe wenyene yabonetse ashigikirwa n’abantu bakomakomeye nka Sat-b co kimwe na Iry tina, mu bikorwa vy’ukwimenyekanisha n’ukurondera amajwi muri Miss Burundi, kuko bamuhaye ikaze ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha  aho bakurikirwa n’abantu isinzi ry’abantu kugira abashe gushikiriza umugambi wiwe noneho abashe kugerageza kwiyegereza abazomuha amajwi.

Mwomenya ko urwo rubanza rwa Miss Golden Africa ruzobera mu gihugu ca Turquie, rikaba rizoba ribaye ihiganwa rya kane rya Miss Golden ribaye, Iry Tina akaba ariwe mwigeme yabaye uwa mbere aserukiye Uburundi muri iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036