IKIRUNDI_news

Mista Champagne ngo atunzwe n’ugusegerereza, ntihagire uwumushira mu baririmvyi batunze

Mista Champagne ngo n’umukene ruhebwa kuko nta n’uwuramwizera ngo amubere Brand Ambassador w’ibidandazwa  vyiwe. Ivyo n’ivyo uwo muririmvyi ahejeje gushikiriza mu masaha aheje akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram.

Muri ubwo butumwa bwatanzwe haba kuri Video canke mu majambo, uwo muririmvyi yavuze ko we atunzwe n’abafana aribo bamugurira vyose, yaba imodoka, igitoro kijamwo, utwa afungura n’ibindi vyose.

Inyendamuvano y’ayo majambo yose, uwo muririmvyi akaba ayakura ku rutonde rw’abaririmvyi bafise amafaranga menshi mu Burundi, bivurwa ko rwakozwe n’ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda,  naho tutabashije kubona haba ku mbuga ngurukanabumenyi bakoresha, co kimwe no ku rubuga rw’ico kinyamakuru aho boba baravyanditse.

Uwo muririmvyi akaba yasavye abamushize kuri urwo rutonde kumukurako, kugira ntibamuteranye n’abamubeshejeho. Akaba yaciye anaboneraho akaryo ko kwibutsa abafana biwe ko agafu k’ubugari kamaze kurangira.

Abantu batandukanye bamukurikira barimwo abaririmvyi nka R Flow, Olga n’abandi agatwengo kakaba kabishe nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Instagram. R Flow we akaba yamubwiye yihangane, kuko ngo ubutunzi n’umutima.

Mwokwibuka ko aheruka kugurirwa agahamagazo n’umufana wiwe ari muri amerika Didier Kiss, akaba yayimuguriye inyuma yaho abatari bake bagize imisi bavuga ko uwo muririmvyi akoresha telephone. Ako gahamagazo yaguriwe kakaba ari Iphone 12 iharurwa mu mafaranga angana n’imiliyoni zirenga gato 5.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037