IKIRUNDI_news

Mista Champagne ngo Kirikou ntagisubira kwumvukana kuko yavavanuye na Big Fizzo

Ukudasubira kwumvikana kwa Kirikou ngo biramota, ivyo bishikirizwa na Mista Chanpagne ubwiwe mu kiganiro aheruka gukorera mu nyubakwa za Siren. 

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi agize imisi yagirizwa kutaba Umurundi, avuga ko Kirikou yabeshwe n’abamubwiye kuvavanura na Bantu Bwoy, cane cane kuvavanura na Big Fizzo. Igituma ngo nuko ariwe yari inkomezi ziwe.

Uwo muririmvyi yahoze yitwa Fally wo mu Burundi, yavuze ko Kirikou yarakwiye kwiyumvira nimba abantu bamuha ibiraka vyo gukora, babimuha kubera ari Kirikou canke babimuha kubera ari hampande ya Big Fizzo. Akaba kandi yanongeyeko ko yarakwiye kandi kumenya ko abafana afise bose yabakuye kuri Big Fizzo.

Uwo muririmvyi yanavuze kandi ko ikiringo yaramaze muri Bantu Bwoy hatari bwagere ko avavanura nabo, ngo kuko atari bwaciribwe inzira nziza. Mista Champagne akaba abona ko yarakwiye basi kwongera kumara iyindi myaka 2 muri Bantu Bwoy, kugira Big Fizzo amwereke izindi nzira nziza zo gucamwo.

Nayo Double Jay wewe ngo ivy’ukuva muma Label yaramaze kubimenyera, nico gituma ata kinini yomuvugako. Aho agatanga akarore ka Label yo muri Ikoh Multiservice yigeze kuba arimwo ariko mu nyuma akaza kuvamwo aruko amasezerano arangiye.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe Big Fizzo nawe yaheruka kumenyesha ko abantu bari bakwiye kurabira hafi ivy’abo baririmvyi 2 bavavanuye na Bantu Bwoy kuko ivyo barimwo vy’uko ubuzima bwahindutse, bishobora kuba bifise intumbero yo kugomba kurondera Buzz kuko bafise ikintu baba bashaka gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037