IKIRUNDI_news

Mista Champagne yugururiye imiryango Big Fizzo na Sat-b

Ugukwiza ibihumbi 100 vy’ama Views kuri Youtube ntibikiri ikibazo ku baririmvyi batari bake hano iwacu, eka n’ugukwiza 1,000,000 navyo bisigaye bisanzwe nk’uwumira bunguri intongi y’umutsima nkuko tumaze kubibona incuro zitari nke.

Igishasha kiriko kiraboneka muri ino misi, n’igitigiri c’abantu barenga 100,000 bakurikirana umuririmvyi hano iwacu mu misi ya vuba navyo bigiye kuba ibisanzwe, kuko umuririmvyi Mista Champagne yamaze kubugururira imiryango mu gukwiza abo bantu, aho hari mu mpera z’uku kwezi kw’3 twaraye dusezeye.

Uwo muririmvyi akaba ashobora kuzokurikirwa na bagenziwe babiri aribo Big Fizzo na Sat-b kuko aribo basa nkaho aribo baririmvyi baza ku mwanya wa kabiri n’uwa gatatu mu baririmvyi bakurikirwa cane hano iwacu.

Mista Champagne akaba azwiko gukoresha urwo rubuga cane, aho akunze kuboneka cane ashirako amashusho yiwe asa n’uwuhanura ibi na biriya, asa n’uwidoga, canke anatega amaboko ngo afashe, aho yahavuye anahakura Imodoka.

Mista Champagne yaraye akwije abo bantu, akaba yamenyesheje ko atari mu gitigiri c’abaririmvyi basunikwa, ariko ngo ari mu baririmvyi basanzwe bagerageza kwisunikira ingendeshwa barimwo. Mista Champagne akanidoga avuga ko ata n’uwaciriye hasi ko yabashije gukwiza abo bantu, ariko iyo hakaba ari abaraho atabashije kuvuga amazina, ngo ubu imbuga ngurukanabumenyi ziba zibiragira ivy’ukwo gukwiza abo bantu.

Mu baririmvyi ndundi abafise abantu benshi gusumba Mista Champagne akaba ari Natacha afise urubuga rwa Instagram rufise abantu barenga 1,000,000 ariko urwo rubuga bikaba binuganigwa ko ari urwo yaguze kuko rutigeze ruboneka uburyo rwagiye rukura, ariko abajejwe gutanga amakuru kwa Natacha bo bakaba bavuga ko rwari urwabo kandi rushirwako ibintu vyabo  naho rutitwa izina ririko uno musi.

Mista Champagne akaba kandi aharurwa mu baririmvyi ndundi bari ku rushi bafise urubuga rwa Instagram rumaze kwemezwa na Instagram ko rukoresha abo baririmvyi nyene, ico mu kinyamakuru bita kuba Verified. Abamaze guhabwa ico cemezo na Instagram nabo akaba ari Big Fizzo, Sat-b hamwe na Iry Tina.

Naho afise abantu benshi kuri urwo rubuga rwa Instagram, kuri Youtube ho hakaba hagoyagoya cane, kuko mu ndirimbo amaze gushira ahabona kuri urwo rubuga, izimaze gushikana 50,000 zitarenga izerekanwa mu kimenyetso c’ubumwe n’amahoro (Peace and Love).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036