Mista Champangne yagirijwe uburozi, batanga n’ivyemezo

Mista Champagne yagirijwe uburozi impande zose, haba mu baririmvyi co kimwe na bamwe mu bahoze ari abamenyeshamakuru, ariko bagikurikiranira hafi ivy’uwo muziki.

Inyendamuvano ni Post yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yagarutse ku giteramo aheruka gukora, aho yariko arashimako abantu bitavye ku bwinshi,harimwo n’ab’inyuma y’igihugu baguze amatike kandi batari bwinjire. Mu Mazina yavuzwe harimwo na Kiyoyo Juma asanzwe azwiko gutegura ibiteramo bitandukanye ku mugabane wa buraya.

Muri iyo Video yashizwe kuri urwo rubuga rwa Instagram ya Mista Champagne, habonetsemwo inyumamu modoka akantu kameze nk’agasashe gatekeyemwo ibintu bitazwi neza, kuko ushobora gusanga ari n’igisharizo.

AKo kantu kavuzwe ko na Happy famba aho we yabaza nimba ari umuti w’imbeba canke ari ico yise Protection Civile. Si Famba wenyene, ariko n’abandi bakurikirana urwo rubuga rwa Instagram rwa Famba nabo baramushigikiye bavuga ko ari imiti “Miti shamba”.

Famba ntiyabaye wenyene kuko na Ismail Niyonkuru ntiyaretse kugira ico abivuzeko kuko we yanayiciye umurya mu kuvuga amazina ya bamwe mu baririmvyi, champagne yahaye uburozi. Mu mazina habonetsemwo Big Fizzo, Lolilo, Sat-b, Kidum co kimwe na Natacha.

Ismail yanditse ngo : ” Umuziki ata burozi birashoboka, nibaza koarico gituma BigFizzo wamwifatiye umuririmbishiriza igihe ushatse, Lolilo afise Collabo ariko yarahomvye, Kidum hirya yejo nawe yakubise swata, uno musi Sat-b ara hahahahahah, Natacha yarazimye, waramuroze. “

Ivyo bikaba biruko mu gihe bizwi neza ko uno musi hari abaririmvyi batandukanye hano iwacu biboneka cane ko aho umwe aciye uwundi yohaturira. ABantu batari bake bakibaza umuti w’iyo ngwara aho uzova bakahabura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036