IKIRUNDI_news

Mkombozi agira akore ivyimboneka rimwe

Mkombozi muri kino gihe abarizwa mu gihugu c’ ubugande aho ariko arakorera i bikorwa vyiwe.

Ico benshi bamuziko akaba ari uko ikibazo co gusohora vidéo atacitaho cane uravye indirimbo amaze gusohora nyinshi ntizigira amasanamu.

Aho yayaga na Indundi Magazine yatubwiye ko igenekerezo rya 01 Mukakaro 2021, Imboneka rimwe indirimbo yiwe izozanana n’amasanamu
Kandi gushika itariki 6 uku kwezi nyene
akazoba yamaze kurekura indirimbo zigera kuri zi 3,
akabirya rero akaba ari uko izo ndirimbo zizoba zivuye muri album ziwe zi 2 agiye gushira ku mugaragaro.

Imwe ikazoba izwi kw’izina rya ”Zero to hundred” iyindi ni ”One Man One beat” zose zikaba zigizwe ni indirimbo 12 bisigura ko zose hamwe ari indirimbo 24
Zigiye gusohorwa vuba inyuma yizo zitatu ahejeje kuzirekura.

Mu kurindira ivyo bikorwa  tumwipfuriza kuroranirwa no gushitsa ivyo yadusezeraniye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037