EntertainmentIKIRUNDI_news

Mkombozi arashimira abitabira ibiteramo vyiwe kuko aribo batumye ashimwa n’abanyamitahe

Mu makuru yacu twagiye turabashikiriza twarababwiye ko kuvaho abaririmvyi basubijwe ku kivi ngo bakore ibiteramo, Mkombozi yiyemeje ko agiye gukora ibiteramo hafi intara zose gushika muri Kigarama 2022 akazoba yaheje program yiwe ata gihindutse.

Mkombozi akaba yatanguriye mu ntara ya Makamba kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza nayo kuri Pasika igenekerezo rya 17 yari mu Cibitoke ca Rugombo, aho hose abantu bakaba baramwitaba ku bwinshi kanatsinda bari bamuheruka kera mu biteramo.

Akazoza arabamenyesha uko intara zizokurikirana bivanye n’uko ikirangamisi yihaye kiguma gihinduka.

I Gitega akaba ariho haramukiwe ku musi w’i Laidi akaba ariho azoba yibereye.
Akazoza n’impinduka kuko hari abanyamitahe yabo bashaka bazokorane muri ivyo biteramo kugira nabo bahayanishe ibidandazwa vyabo
akarorero n’ikinyobwa HUNTER’S DRY bamaze gusinya amasesezerano bazoba barikumwe murico giteramo c’i Gitega
hariho n’abandi bazokorana muri ivyobiteramo azogenda arabamenyesha.

ku bwa Mkombozi ngo arashimira abakunzi biwe bama bitabira ibiteramo vyiwe ku bwinshi akabasaba ku bandanya bamushigikira kuko aribo batumye akundwa n’abanyamitahe bakabona ko harico yobafasha mu kumenyekanisha Ibidadazwa vyabo
Aba Fana biwe ngo
ni babandanya gutyo imbere hazoba heza Indoto ziwe zigiye kuba ukuri.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332