Entertainmenthomepage

Mkombozi kumenya iyo yagiye biratanguye kuba ikibazo

Mkombozi n’umuririmvyi asanzwe avuka i Nyanza Lac , kuva i Nyaza urugendo rwiwe rw’umuziki rwa mushikanye i Bujumbura arakora ivyatumye mu Burundi bose bamumenya ndetse n’ibihugu duhana imbibe biramumenya biciye mu ndirimbo ziwe zo mu mudiho wa Rap.

Mkombozi yarigeze kuba atabarizwa mu gihugu c’Uburundi hafi imyaka 6 kuva 2015 gushika 2021 aho washobora kumva ari mu Rwanda,Ouganda,Tanzanie,… mu nyuma yaho yahavuye agaruka mu gihugu c’amavukiro 2021 arabandanya ibikorwa vyiwe vy’umuziki yanashoboye kuboneka mu biteramo bitandukanye aranakora n’ama collabo n’abaririmvyi batandukanye.

Mu mwaka wa 2023 kuva mu kwezi kwa Ruheshi ntabarizwa mu Burundi, gushika ububikaba bitaramenyekana neza na neza aho yoba ari, Nivyo arimwo.
Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine yavuze ko ari mu gihugu ca Tanzaniya mubikorwa vy’umuziki atarashima kuvuga ariko kandi yaranakubitiye no mugihugu ca Zimbambwe .

Impamvu atavuga ivyo ariko arakora nivyo bituma benshi bagumana ibibazo ati nimba ari ngaha hafi mugihugu ca Tanzaniya kuberiki ataraza kuraba ikibondo ciwe aheruka k’uronka haraheze hafi amezi 2 bigatuma bibaza ko yoba yaragiye muri Amerika canke Ku mugabane wa Burayi akaguma ariko arabinyegeza.

Mu gihe amakenga abandanya kuba menshi Mkombozi wewe acishije ku mbuga ngurukana bumenyi abandanya abwira abakunzi biwe ko ari mukuza mu Burundi abazaniye n’imipira yokwambara agiye kugurisha yanditseko Rundi Boy hamwe na Rundi girl.

Iyi nkuru tuzoyiharukako ukuri kwose tuzokubamenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705