BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amasanamu y’indirimbo “Ubuntu Bwawe” ngo ni Vuba

Indirimbo yahawe akazina ka Album nshasha ya Apotre Apollinaire, igiye gusohorerwa amasanamu, iyo nayo s’iyindi, n’iyitwa “Ubuntu Bwawe”.

Umuririmvyi akaba n’umukozi w’Imana Apostle Apollinaire Habonimana akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yatumiriye abafana biwe ngo baje kuba barakora Subscribe Kuri YouTube yiwe kuko amasanamu y’iyo ndirimbo itwara urukurikirane rushasha aheruka gushira ahabona, agiye gushirwa ahabona.

Yanditse agira ati :” Shalom ncuti zanje, Amakuru meza ndabazaniye nuko Vuba cane Indirimbo “,Ubuntu Bwawe” igiye kubashikira. Mu kuyirindira mubandanye mugira Subscribe Kuri YouTube Channel.”

Muri Urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo 9, Apotre Apollinaire akaba Atari wenyene kuko yarukoranye n’umutambukanyi wiwe, asanzwe nawe nyene ari umuririmvyikazi, Madame Jeanette Habonimana.

Urwo rukurikirane rukaba rumaze kuboneka ku mbuga zitandukanye zigurisha umuziki, nkuko twabashije kubibona, mbere no kuri YouTube rukaba rwashizweho na CD Baby isanzwe imufasha mu gukwiragiza izo ndirimbo kuma Platform agurisha umuziki.

Gushika ubu Apôtre akaba ataco atarabasha gushikiriza ku kijanye n’ikorwa ry’amasanamu y’izindi ndirimbo ziri muri urwo rukurikirane, uko Ari 8 zizoba zisigaye, kuko bikunze kuboneka ko hadakorwa nyinshi mu rukurikirane.

Apollinaire amenyesheje ko ariko arategura gushira ahabona amasanamu y’iyo ndirimbo mu gihe yaheruka gukorera ibikorwa vy’ivugabutumwa mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, neza neza mu gisagara ca Portland Muri Maine, ariko Kandi akaba yanaheruka n’i Kigali aho yabashije gukorera igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761