BurundiEntertainmentmusic

Mkombozi nawe ngo yoba agiye gukurikira mukuruwe Big Fizzo

Nzeyimana Thomas alias Mkombozi nawe ngo Big Fizzo yamwugururiye imiryango kuko yahora abiraba bikanka kwubaka urwiwe mugihe mukuruwe atari bw’ubake nawe bikamusiga.

Kw’igenekerezo rya25 Mukakaro niho umuririmvyi Big Fizzo yubaka rukritsu,ivyatumye mwenewabo Mkombozi nawe avuga kwamwugururiye imiryango nawe agiye kuzo kwrwubakana na Mkombozine.Ntiyahengeshanije gukeza ugwo rugo rushasha yongera anaha ikazwe Manager wa Bantu Bwoys Entertainment Kimana Stein Edith mumuryango wabo.

Aciye kumbuga asazwe akoresha Mkombozi akaba yagize ati:”Urugo ruhire mon grand frere musicalement et marassonellementNaho ntabonye ubutumireVyanezereje cane kuba uyumunsi ushinze urwawe kuko vyarangora kugira mariage grand akiri celibataire,nari kuba nsimvye urwego ubu nanje uranyugururiye imyango kuri Mkombozine.Hanyuma Madame la bofresse AKIMANA kibera mumutima wa Mugani Desire, karibu mumuryango wacu,uraduhimbara,turagukunda, tuzokwima ico tudafise,ntituzogucana naho inkwi zizoba ziheze,tuzopfuma tuburara tugupfane.Imana ibajimbere.Hasta La Victoria Siempre.”

Mwomenyako inyuma yukubaka rukritsu kwa Big Fizzo ,abaririmvyi bataribake ba hano iwacu bagiye bamukeza bamwipfuriza kugira urugo rwiza; ariko benshi bakagaruka bamwidogera ko atabahaye ubutumire ngo bikunde bashike kumushigikira muri ugwo rumbanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 447