IKIRUNDI_news

Mkombozi ngo ababara ababaje ntababara ababajwe

Ni mugihe yari yaduhaye isango azoshira ahabona indirimbo yiwe ifise amasanamu igenekerezo yari yaduhaye ni kuwa 2 myandagaro 2021.

Abicishije ku mbuga ngurukana bumenyi asanzwe akoresha yasavye imbabazi abakunzi biwe ko igenekerezo ryahindutse bazorimenyeshwa hanyuma

Indundi magazine tugerageje kumurondera yatubwiye ko abo mu kibanza yari yateguye ko bizoberamwo aribo bamuhinduriye kumunota wa nyuma, rero ubu ariko arondera ahandi yokorera, irindi sango azosubira arimenyeshe.

Mkombozi yagize ati : «Nubwo bibajije ko bambabaje jewe mbabara mbabaje simbabara mbabajwe ».

Tubandanye turindirana irindi sango azosubira kuduha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037