Entertainment

Mkombozi n’ubwo atarashima kumutwereka mu maso yamaze kuronka Mkombozine

Mkombozi ni umuririmvyi w’umurundi aheruka kutumenyesha ko vuba igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022 azoba yashize Ep yiwe kumugaragaro izoba izwi kw’izina rya “Afrika”ariko ntarashima kutubwira indirimbo zizoba zigize iyo Ep.

Nk’uko nyene ubuzima bw’aba Stars butinyegeza, Mkombozi ntitwari duherutse kubona umukobwa boba basohokana ico twita umukunzi ndetse no kumbuga asanzwe akoresha yama yandika ko akeneye Mkombozine bisigura umukunzi wiwe (Mkombozi hamwe na Mkombozine).

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Nyaknga 2022 yashizeko ifoto ari kumwe n’umwigeme afukishije aka Emoji yandika amajambo agira ati: ” Jewe umukunzi wanje afise jalousie ejo yabonye calendrier muri Téléphone yanje acambaza ngo uyu Septembre ninde? Ndamubwira ko ari ukwezi kw’icenda atari umuntu, ntiyavyemera nubu aracashavuye ngo ndamuvangisha Septembre😂😂”

Akaba ari umukunzi wiwe vy’ukuri turindire igihe kizobitugaragariza.

Tubibutse ko ata mukobwa yari aherutse gushira ku mugaragaro ngo amwite umukunzi wiwe uretse umwana wiwe Nadine yama ariko aratwereka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331