kirundi_Sports

#Indundi Sports| Umuryango wa Muyenge Alexandre watanze ibikoresho vy’ishure banyeshure b’i Giteranyi

Umuryango wa Prezida wa FFB Muyenge Alexandre waraye utanze ibikoresho vy’ishure ku bana bavuka muri Commune Giteranyi intara ya Muyinga.

Nk’uko mubizi umwaka w’amashure w’i 2022 ushira umwaka w’i 2023 waraye utanguye mu Burundi bwose. Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Nyakanga 2022, umuryango w’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre userukiwe n’umutambukanyi wiwe Honorable Ange Denise Kamere waratanze amakaye n’amakaramu ku bana 180 bavuka ku bavyeyi basanzwe basangiye Koperative Sangwe Giteranyi 1.

Uwo muryango wasubiye kandi utanga n’impuzu z’ishure kubana 30 babaye aba mbere ku mashure atandukanye yo muri Komine Giteranyi .

Honorable Denise Kamere asanzwe avuka aho muri Komine giteranyi mu ntara ya Muyinga mu gihe Muyenge Alexandre we avuka muri Komime Muyinga umutumba Kibongera.

Mwomenya ko imbere y’uko batanga ivyo bikoresho uwo muryango watanguye kwifadikanya n’abanywanyi ba Koperative SANGWE GITERANYI , mu gutanguza ibikorwa vyo guteragira imirima y’iyo Koperative.

 

Umutambukanyi w’umwubahwa Muyenge Alexandre

What's your reaction?

Related Posts

1 of 274