IKIRUNDI_news

 Mohammed Salah ngo ariko arananiza Liverpool ngo yigire muri PSG

 Mohammed Salah ngo yoba ariko arananiza umugwi wa Liverpool asanzwe akinamwo kugira begeze imbere amasezerano yo gukina muri urwo mugwi ahera muri 2023.

Ukwo kunaniza uwo mugwi ngo kwoba kuriko kuva muri Qatar kuko boba bashaka kugira aje mu mugwi PSG basanzwe bafise mu ntoke. Ico gihugu kikaba ngo kirota kuba kera kujana muri uwo mugwi uwo mukinyi kuko ava mu barababu bagenzi babo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru 10Sport nuko uwo mukinyi yoba ariko asaba umushahara ungana n’imiliyoni 25 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Uwo mugwi ukaba uno mwaka wabashije kwikwegerako umugwi utari muto w’abakinyi b’ibihangange, hamwe n’abandi bategerezwa gukinjura muri uwo mugwi ariko utabashije kugenda kuko batashaka kumurekura, uwo ni nka Mbappe yariko aronderwa na Real Madrid yabandanije muri uwo mugwi, kandi amasezerano yiwe azohera mu mpera z’uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037