IKIRUNDI_news

Monna ngo ubutumwa bwa Instagram yahagaritse kubwugurura

Abadaheruka kubona Monna Walda abishura, ngo bihangane n’ukugira arabe ko yorinda amagara yo mu mutwe

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Monna Walda yavuze ko agize igihe atugurura ama Message kuri urwo rubuga, ivyo vyashikirijwe n’uwo muririmvyikazi nyene aho yariko asaba imbabazi abamwandikiye.

Uwo muririmvyikazi aheruka guca mu bibazo bitoroshe aho yakuwe agashambara, yituye ubutungane ngo bamutunganirize, aterwa amabuye kuko ngo yafungishije umuririmvyi mugenzi, none ubu ngo ntibimworohera kwugurura ama Message.

Mu butumwa uwo muririmvyikazi yasangije abamukurikirana kuri Instagram, yavuze ko yabaye ahagaritse kwugurura ubutumwa kuri Instagram kugira amagara yiwe yo mu mutwe “Sante Mental” ntahave ahungabana, kuko aba atazi ivyo bazohava bahurira muma Message ariko aronka.

Ariko uwo muririmvyikazi akaba ataretse gushimira uwo wese atareka kumushigikira muri ibi bihe arimwo, mu kurungika ubutumwa bw’ukumutera intege, ariko kandi n’abamutahura.

Mwomenya ko abigeme n‘abagore batari bake bari bagize imisi bariko bamurungika ubutumwa bamutera intege, abandi bahimirizanya ngo bashigikire uwo muririmvyikazi yarengewe akarimbi, kuko uno musi ariwe ariko ejo ashobora kuzoba ari uwundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036