Entertainmenthomepage

Monna Walda abaja mu butinyanka arabarangira umuti

Kuri uwu w’agatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023

umurundikazi azwi kw’izina rya Gladis Ninkomeza batazira “Gaga”akora uduhuzu twibabanga yazitiriye “Cotex Gaga”
Yari yahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru abayagira ubwiza bwa Cotex ziwe yongera anababwira ko agiye gukorana n’umuririmvyikazi Monna walda mu kwamamaza iyo Cotex abakenyezi bifashisha iyo bari mubutinyanka.

Ngo aho izo Cotex ziwe zitandukaniye n’izindi ngo nuko imota neza,ushobora kuyambarz umwanya munini ntiyuzure n’ingoga, iranakingira ingwara zikunda gufatira mu bihimba vy’irondoka.

Gaga ico ciyumviro co gufasha abakenyezi bagenziwe ndetse nawe arimwo yaciyumviriye ari mu Butariyano iyasanzwe aba arumva ko n”abarundi bishoboka KO yobaha ibikoresho bikozwe mu buhinga bwa none ariko guca abishikana mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Igituma yashimye gukorana na Monna Walda nuko ashaka ko yomushikanira ibintu vyiwe Kure bakaba bagiye gukorana ubwambere amezi 6 niyashima akazokwongereza ikindi kiringo.

Musomyi mwiza wabonye iciza co gukorana n’umu star ibintu vyawe bigera kure mu kanya gato.
Muratewe akamo mwese mufise ivyo muhayanisha kuza murakorana n’abanyabuhinga bamaze kuduza amazina yabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722