EntertainmentAkes Donhomepage

Monna yasabwe kutisigura ku ntambo yatamvye

Monna asabwa kutisigura mu gihe yari yabigerageje kubera ishusho ryiwe ryabonetse ku rubuga rwa Instagram aho yabonetse ariko aratamba.

Ukwisigura ngo ntibikenewe ivyo nivyo umwigeme Monna Warda yabwiwe aho yashira ahabona ishusho ry’amasanamu yifashe ariko atamba akaririmbo k’abaririmbo bamwe bo muri bino bihugu duhana urubibe.

Uwo mwigeme yigeze kuba icababa ca Miss Burundi, akaba ayo mashusho yasangije abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram yabonetse asa nkaho ari muhira. Akaba yariko aratamba, noneho yandika avuga ko abantu batobifata ukundi, ariko ngo nawe yariko aratamba nkuko abandi bahora babikora noneho bakabisangiza ababakurikirana.

Bamwe mu bamukurikirana bamuhanuye kwitambira akiryohera ngo nayo abandi akabihoza.

Abasaze biruka mwibarabara😂😂😂😂😂nayo ww nukwiryohera disii
Niwiryihererwe nta justificatif !
Damn girl, the mood tho,sha mbwira ivyo wariy biguye iyo morale🤣
🔥🔥🔥👏Ww bu postinga abandi birabasha ntabagoye icukura urabihoza 😂

Mwomenya ko Monna Walda yuguruye urubuga rwa Youtube aho akora ikiganiro ashikiriza ibi na biriya ku bibazo bimwe bimwe bihanze urunganwe rw’uno musi cane cane rukoresha imbuga ngurukabumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722