Entertainmenthomepage

Mow Kanzie nawe yabajije ico apfa n’umu Photographe

Mu gihe Kuri Twitter hari hagize akanya hari impari kubera FOTO ya Mow Kanzie yafotowe n’umwe muri ba gafotozi bari mu bikorwa vyateguwe n’ubumwe bwa Buraya, Mow Kanzie nawe yashizemwo akunyu.

Bamwe muba proffessionel bakaba bari berekanye amakenga bafise kw’icagurwa ry’amafoto atandukanye yashizwe kuri kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, aho Mow Kanzie ngo yaboneka adasa n’uko asa vy’ukuri. Bakibaza nimba yarasubiwemwo, canke hari ico bapfa n’uwo mwigeme.
Mow Kanzie nawe Inyuma y’akanya asa n’uwucecetse, akaba yamenyesheje ko akwiye kubwirwa ico bapfa, kuko adasa uko asa, aho muri ubwo busabe yakoresheje FOTO zibiri z’uwo musi ariko zidasa.
Aha mukamenya ko izo FOTO zagawe n’abatari bake we atari bwazishireko, ahubwo habonetse iyo asa neza, akaba ariho yabashije kuyishirako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722