IKIRUNDI_news

Mow Kanzie yabuze uwo ashigikira muri Miss Burundi 2021

Mu gihe hasigaye abigeme 28 mw’ihiganwa ry’ubwiza ririko riraba hano iwacu (Miss Burundi), Monna Walda Kaneza yigeze kuba igisonga ca 1 ca Miss Burundi yabuze uwo ashigikira muri iryo higanwa nkuko yabashije kuvyandika ku rubuga rwiwe rwa Instagram .

Nkuko twabashije kubibona, uwo mwigeme yavuze ko yararemerewe n’abamukurikirana ku rubuga rwiwe ngo abereke uwo ashigikiye muri iryo higanwa. Uwo mwigeme yishuye ko atoronka uwo ashigikira kuko abo bazinanyemwo muri iryo higanwa ari benshi.

Mu bigeme 28 babarizwa muri iryo higanwa muri kano kanya, abigeme 8 nibo bazinanye kandi banashigikiwe na Mow Kanzie. Abo nabo akaba ari Izabayo Divine MBONAYO afise numero 23, Simplice MANAMFISE ari kuri numero 22, Dative UWIMANA ari kuri numero 21, Bernice MUHORANAMA ari kuri numero 20, Ella Chandelle INEZA ari kuri Numero 8, Lys Esther KARIKUMUTIMA ari kuri numero 10, Delice IZERE ari kuri numero 2 hamwe na Liesse MUTONI ari kuri numero 17.

Uwo muririmvyikazi Mow Kanzie akaba yaciye abasigira ubutumwa kuri urwo rubuga rwa Instagram mu gice ca Storie abipfuriza umugisha muri iryo higanwa ritariko rivugwako rumwe n’abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037