Entertainmenthomepage

Mr champagne abibaza ko yarwaye kubera Kajala aratanze umuco

Mr champagne mu makuru yacu twari twabashikirije twarababwiye ko yafashe indege yerekeza mu gihugu ca Tanzania .

Muvyamujanye kwari ukumenyekanisha album yise confirmation yashize ahabona igenekerezo rya 25 Kigarama 2022.

 

Muri uko kumenyekanisha album yiwe yagiye arakora ibiganiro bitandukanye ku binyamakuru vyo ngaho nyene muri Tanzania,hagati yaho yaracishamwo akavugako akeneye kubonana n’umukinyi wa kera wa film Kajala yahoze anasohokana n’umuririmvyi Harmonize ariko vyarangiye tutabonye ko bahavuye babonana kuko ntiyotangwa gushirako amafoto ku mbuga ngurukana bumenyi.

Mr champagne yaragarutse mu Burundi acisha ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe ambwira abakunzi biwe ko yatashe mugabo amagara yiwe atameze neza bamwe baramuhojeje abandi bati iyongwara ivuye kukungene bitashobotse Ko ubonana na Kajala.

Mr champagne we yabihakanye aravuga impamvu yatumye arwara ati umuganga yamubwiye ko arikubera yahinduye ikirere hamwe n’uburuhe

Ubu amagara yiwe akaba yifashe neza vyanemejwe n’abaganga ko yotaha muhira

Nakahe kajambo wobwira Mr champagne kukungene akeneye gukundwa na Kajala?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722