IKIRUNDI_news

Mr champagne arashavujwe n’abavuga ko ahongwa n’abagore

Mbega vyoba ari birya bavuga ko biharawe ko abakobwa ba Diaspora barongorwa n’abaririmvyi b’abarundi?

Mr Champagne arahakana cane iyo mvugo bamuvuzeko.
Ni mugihe haciye igihe kitari gito yerekanye umuduga yaguriwe n’aba fans biwe ,uretse umuduga na Téléphone yariyemereye ko aba fans aribo bayimuguriye.

Ubu vuba araherutse gushira ahabona kandi uwundi muduga yandika ati:”ng’uyu uwundi muduga abakunzi banje banguriye n’urya wundi urahari sinowugurisha.”

Ivyamubabaje n’uko muri commentaires hari abanditse ko yawuguriwe n’umugore.

Nawe n’ishavu n’akantu ati: “kubera iki muvuga ko nawuguriwe n’umugore ntimuzi ko akazi kacu katuriha ntabwo ari umuntu wese yizera gutungwa n’abagore ivyo bintu bihagarare.”

Nubwo hari umwe mubamukurikirana yasubiye arandika ati: “*kugira dushire amazinda dusigurire ingene uyinjiza yaba mu biteramo canke ku mbuga ngurukana bumenyi.”

Mr Champagne ntanyishu yatanze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037