BurundiEntertainmentkirundi

Mr Champagne araterwa ivyatsi inyuma yo gusaba ubufasha


Inyuma yaho amenyekanye cane mugukora amasanamu atwengeje canke arimwo ubutumwa bugiye butandukanye ku misore n’inkumi ubuho yakoze ibitashimishije bose aho bamwe bakoze ico yasavye.



Umuririmvyi Mr Champagne aho akoreye amasanamu atandukanye akagenda amenyekana cane hirya n’ino ndetse no hanze y’igihugu ubuho yakoze video asaba ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bomuterera akagura umuduga ngo na cane cane ko nawe boba bamuteye iteka imbere y’abaririmvyi bagenziwe ndetse n’abamukurikirana akanasaba ko bobishiramwo ishaka ngo naho yoba $1, ko na cane cane abasanzwe bakurikirana ibikorwa vyiwe ari bamwe mubantu bari muri Diaspora haba abarundi canke abo muri Congo,Tanzania kumwe n’abo muri Kenya.

Inyuma yayo majambo yacishije mu mashusho yashize kurubuga Instagram rwiwe, abenshi babibonye ugutandukanye aho bamwe bashavujwe n’iyo nyifato y’uwo muririmvyi kuko ngo abenshi bari mubihe bitoroshe na cane cane kino gihe ca CORONA Virus bakamuziza gusaba amahera y’umuduga mugihe bamwe bariko baririra kuronka amafaranga yo kuronka imfungurwa.

Bamwe bagiye baremeza ko uko guterereza bidahesha agaciro umuziki n’abaririmvyi babarundi, ngo naho bamwe bamwe bakenye canke isoko ry’umuziki ritaratera imbere ngo ntibaragera kurugero rwo gusegereza abafana ngo babacangire bagure ibi canke biriyaaa.

Ariko tworangiza tubibutsa ko uwo muririmvyi we yiregura agira ati:”
Jewe ntakaza inguvu zanje mukubaha ibikorwa vyiza, Video nziza ngakesha nandika ndaniyumvira uko nokora twatu video dutuma mutwenga, none jewe nsavye ubufashe murarahiye.” 



Mbega koko niko vyari bikwiye kugenda??
Champagne yarakwiye guterereza abafana?
Ukubaterereza birafise ico vyonona Mumuziki??

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583