BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Mr champagne ivyo yari yanse aravyemeye aratanze n’ikiringo

Mr champagne ni umuririmvyi aguma ariko arakora indirimbo ziwe kugihe. Hampande yo kuririmba afise n’impano yo gutwenza.

Mu mwaka w’2021 yarashoboye kugirana amasezerano n’amashirahamwe atandukanye ibintu vyatangaje benshi kuko vyabaye mu mwanya muto. N’ubwo biri uko, ayo mashirahamwe yose babandanya bakora mu kubamamariza ivyo bakora bikaba ari muri bimwe vyatumye agira ingendo zitandukanye nko muri Dubaï na Tanzania, ariko aho yakoreye indirimbo ni muri Tanzania aronswa na collabo na Christian Bella wo muri ico gihugu nyen.

Haciye igihe kitari gito aguma akoresha ijambo Soins na soins mu nyuma twumva ko ari izina ry’indirimbo agomba asohore.

Abicishije ku mbuga ngurukana bumenyi asanzwe akoresha, Mr Champagne yamenyesheje ko indirimbo yarangiye ariko adahava ayishira kuri youtube ashaka agarukane amahera yakoresheje atanga numéro za WhatsApp uwukeneye amwandikire ayimurungikire kumahera ibihumbi icumi vy’amafaranga y’amarundi, (10000Fbu).

Aho bigeze ubu ubwiwe yiyemereye ko ashimira ababandanya bayigura biraboneka koyashimye ayo amaze kuronka kuko yemeye ko igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2022 azoyishira kuri Youtube.

Tubandanye turindiriye tuzokumve amajambo azoba arimwo muri “Soins na soins”, indirimbo yamenyekanishije bikwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717