BurundiEntertainmentkirundi

Mr Champagne yavuze iki kuri Citizen Radio muri Kenya

Amajambo akomeza kuba ikirenga kuri Mr Champagne ariko nawe akabandanya yiregura naho bamwe batabitahura uko we yoba abitahura. 
Inyuma yaho asabiye abakunzi biwe ko Bomuteranirize amafaranga ngo naho yoba ari idorari rimwe $1 ariko nawe twumve ko ahawe iteka ryo kugira mumuduga nk’abandi baririmvyi, ivyateye uruhagarara muri benshi yaba mu baririmvyi ndetse n’abamenyeshamakuru udasize inyuma n’abakunzi b’umuziki muri rusangi, aho babibona nko kumaramaza igisata c’abaririmvyi mu Burundi canke ukugayisha uwo mwuga.
Ariko abicishije kuri Citizen Radio ikorera mugihugu ca Kenya yishura kukibazo yarabajijwe co kuba yarasavye agurirwe umuduga atamahera yoba afise, yishuye asubiza ati:”Jewe nka Mista Champagne simbuze amafaranga yo kugura umuduga canke ngo ntaburyo mfise, n’ubu mfise abantu banje noyaga nabo mwibanga bafise uburyo mbere kurusha bakagura uwo muduga.” 

Akongera ati:”
Ariko kugira mfate akanya nsabe abakunzi banje kungurira umuduga, nuko nashatse ko irya modoka izova mumaboko yabo izoba nk’icibutso kuri jewe. “

Akarangiza agira ati:” 
Jewe nakunze yuko imbere yavyose canke imbere yuko haba ibindi iyo modoka yova mubakunzi banje kizobe ikintu kizosigara nk’icibutso ntazopfa nibagiye mubuzima bwanje kikazosigara nk’inkuru”

Champagne akabandanya agira ati:”
Aha mu Burundi abaririmvyi turi benshi, ariko umuririmvyi wese yikubita mugatuza ngo jewe ndafise abafana kandi bankunda, ariko ikibazo ni: abo bafana bamaze kukumariria iki?” 
Nico gituma rero nashatse kwerekana abaririmvyi bo mu Burundi ko mfise abakunzi bankunda kandi biteguye gukora buri kimwe.

Mr Champagne akaba arumwe mu baririmvyi bamuka mu gihugu ca CONGO ariko amaze imyaka myinshi arangurira ibikorwa vyiwe mu gisagara ca BUJUMBURA kandi anashima cane iyo bamwita Umurundi kuko ngo asanzwe akunda igihugu c’Uburundi ndetse n’abarundi.

Aho mwomenya ko arimwe munyishu yibabibazo vyinshi yariko abarizwa mukiganiro MSETO gica kw’isamirizi ikorera muri Kenya ariyo CITIZEN RADIO.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583