IKIRUNDI_news

Mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, Nella Neth aba abuze Instagram yiwe  

Umwe mu bigeme batatu b’abarundi bakurikiranwa cane gusumba abandi ku rubuga rwa Instagram, yaraye atwawe urubuga n’abagizi ba nabi nkuko yabashije kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Nella Neth akaba abantu kumufasha kugira abashe kugarukana urubuga rwiwe rwa Instagram,  uno musi rwari rumaze gushikana abantu barenga 128,000 barukurikirana.

Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Twitter, uwamutwaye urwo rubuga yahinduye izina, ariko kandi anafuta abantu bose yakurikirana, anafuta n’amafoto yaramaze gushirako.

Nella yanahavuye abona bamwandikira kuri Whatsapp bamusaba amafaranga ngo bamufashe kurondera urwo rubuga rwiwe rwa Instagram, aho akaba yamumenyesha ko ngo ariko avugana n’uwarutwaye.

Hakaba ata numwe arerekana neza na neza uko abafana bomufasha kugira abashe kugarukana urwo rubuga rwiwe, naho kuri Twitter yabasavye kwereka Instagram ko urubuga rwiwe barumwivye, ariko akaba aterekanye neza neza inzira umuntu yocishamwo ngo bikunde bamufashe kubishikiriza Instagram.

Ibi bikaba bishitse mu gihe mu misi iheze urwo rubuga rwiwe nyene rwigeze kuboneka ko rwafusweko amashusho yose yari kuri urwo rubuga, ariko mu nyuma ayo mashusho asubira kandi kuboneka ata misi myinshi ihaciye.

Mwomenya ko Instagram ya Nella Neth yari isanzwe inamufasha mu kumenyekanisha umuziki ndundi, kuko yakunda no gucishako akanya kabonetse indirimbo ndundi zitandukanye zaba izigezweho canke izaba ari nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037