BurundiBusinessCooperationhomepageIKIRUNDI_newssociete

Mu ndwi iza hagiye kwugururwa urubibe rumwe

Reta y’Uburundi imenyesha ko urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu Gatumba ruzokwugururwa mu ndwi iza, igenekerezo rya 1 Ruheshi 2021.

Icegera c’uworongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugwanya ikiza ca Covid-19 yabishikirije ku muhingamo wo kuri uyu wa kane inyuma y’urugendo intumwa za Reta zagize mu ntumbero yo kuraba aho inyubako zo gupima uwo mugera zigeze.

Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu n’ukurwanya Sida Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko izindi mbibe, harimwo urubibe rwa Kanyaru ruhuza Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda ari ukuba baratenyenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706