IKIRUNDI_news

Inyuma y’umwaka urenga Sat B agiye kuboneka mu giteramo.

kuvaho ikiza Corona virus cihaye inkumbi mw’isi nzima ,ubuzima nka bwose bugasa nubuhagaze, ndetse n’abaririmvyi ntibasigaye inyuma ibiteramo bigahagarikwa.

Nubwo ico kiza caburabuje abaririmvyi, hari n’abandi casanze basa nuko ibiteramo barabihagaritse, aho ni nka Sat B.

Ivyo bihe bikaba bisa nkibirangiye kuri uwo muririmvyi kuko agiye gusubira guteramisha abamtu aho yitezwe kuri Stade Intwari kw’igenekero rya 29Rusama gushika 5 Ruheshi aho hazoba hariko harahayanishwa ibidadazwa bikorerwa mu burundi.

Ivyo biteramo akaba agiye ku bikora mu buserukizi bwa Crown Royal, kikaba arico giteramo cambere akoze kuva aho aronkejwe amasezerano yo gukorana niryo hinguriro.
Mwomenya ko irya hayanishwa ry ‘ ivyahinguriwe Iwacu Made in Burundi , uno mwaka rizoba ryitabirewe n amahinguriro menshi, abantu benshi, rikazoba ryagutse kuburyo bitamenyerewe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020