homepageAyagezwehoIKIRUNDI_news

Mugongomanga: Ikinogo rusangi 1 catowemwo ibisigarira vy’abantu birenga 1500

Kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 26 ruhuhuma 2022 niho umurwi w’Igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR waramutse usozera vy’imfatakibanza ibikorwa wari umazemwo imisi uriko urarangurira mu ntara ya Bujumbura.

Muri ico gikorwa bari bamazemwo indwi zibiri, bashoboye kuzura ibisigarira vy’abantu bagandaguwe mu mwaka w’1972 bangana n’1852 muri iyo ntara ya Bujumbura.

Muri ivyo bisigarira bashoboye kuzura, 1562 vyatowe muri Komine Mugongomanga mu kinogo kimwe kirekire gipima imetero zirenga 80, ibisigarira 93 bitorwa muri Komine Mutambu, muri Komine Mukike hatorwa 72 nayo muri Komine ya Isale hakaba hatowe ibisigarira 125 muri vyo 8 bikaba vyatowe i Nyarukere nayo 117 bikaba vyatowe i Nyarumpongo.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyo kumenya no kuzura ibisigarira vy’abantu bagandaguwe mu mwaka w’1972 biriko bibera mu ntara zose, ejo haheze bakaba bariko barabisozera vy’imfatakibanza mu ntara za Ruyigi na Rutana, bikazorangira nyezina kuwa 29 Ndamukiza 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686