IKIRUNDI_news

Muka Chameleon ntaraba ryiza abakwirakwije amafoto y’umugabo wiwe aremvye

Amakuru ariko arakwirakiwzwa hirya no hino mu binyamakuru muri afrika y’ubuseruko n’uko Dr Jose Chameleon agwaye bikomeye. Uwo mugabo ari mu baririmvyi bakomeye muri Uganda ngo agwariye muri bimwe mu bitaro vyigenga bikomeye muri ico gihugu.

Uwo muririmvyi ngo afise ikibazo ca Pancreas hamwe n’ic’igitigu izo ngwara ngo zikaba zabonetse mu mwaka wa 2020 nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Bwiza.

Amashusho atandukanye agize umwanya utari muto ariko arakwirakwizwa hirya no hino amwerekana ari indembe muri ivyo bitaro, akaba atabonywe neza n’umutambukanyi wiwe abarizwa ku mugabane wa Amerika hamwe n’abana biwe.

Uwo mutambukanyi wiwe, Daniella, akaba ababazwa cane n’abantu bariko bakwirakwiza ayo mashusho kuko atumva impamvu vyabaraje ishinga, ariko kandi akaba asaba abantu kubihagarika kuko biriko bihahamura abana biwe.

Uwo mugabo yashatse kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igisagara ca Kampala ariko ntivyakunda, akaba ngo yoba yatewe izo ngwara n’inzoga nyinshi asanzwe anywa.

Mwomenya ko uwo mugabo iyo hatagira igihinduka, muri uku kwezi yari yitezwe hano iwacu, aho yari mu banyamahanga bateguriwe ibiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037