IKIRUNDI_news

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo. 

Mu kiganiro na Hosy irakoze, uwo muririmvyi yavuze ko muri Tagata na Primustar ngo bahinduye umukenyuro ku munota wa nyuma nayahandi ngo yari yamaze kubaca mu ryahumye nkuko asanzwe abigira kugira abashe kuba muri bamwe 3 ba mbere.

Mu gihe batareka kuvuga ko agura canke atanga amafaranga ngo bamutore, Masterland avuga ko atariwe abikora ariko bikora abafana, kuko we afise ab’imice 2, barimwo abakiri bato batagira uburyo, ariko hakaba n’abasanzwe bafise uburyo aribo baheza bakabutanga ngo abafana bandi batore.

Masterland yavuze ko abo bafana nibo bamufashije kuguma imbere mu majwi (Votes) muri Tagata, ariko kandi ni nabo bamufashije kuja mu kibanza ca Mbere kuri RFM, aho bariko batora umuririmvyi w’Umwaka, naho kitabujije ko bavuga ko yivye.

Masterland muri ico kiganiro, yavuze ko mu mwaka uza ni basubira gutegura Tagata ngo azoheza agende, noneho agende n’uwundi mukenyuro mushasha, kuko yahigiye vyinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037