IKIRUNDI_news

Muri Hipipo Music Awards ibihangange ngo ntaco bizohanoba Imbere ya Natacha

Indirimbo nshasha pakuchena ya Natacha ngo itegerezwa gutahukana agashimwe mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Uganda irimwo, Hipipo Music Awards, ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwahoze ari umumenyeshamakuru Ismail Niyonkuru ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo mugabo abarizwa muri kino gihe ku mugabane wa buraya, akaba yanashize ku meza amafaranga arenga 1,500,000 fbu (€500), aho yasavye uwoba yumva ko uwo muririmvyikazi atazotahukana ako gashimwe, ngo nawe atange gusa amafaranga 100,000fbu, kandi ngo niyatsindwa ntazonayatanga.

Muri iryo higanwa iyo ndirimbo ikaba iri mu gitigiri c’izindi 7 zirimwo Weekend ya Eddy kenzo, Ndombolo ya Alikiba, Iyo na Waah za Diamond Platnumz, SUkari ya Zuchu hamwe na Rhumba Japani ya Sauti Sol zashizwe mu muce wiswe East Africa Super Hit.

Nayo Natacha akaba atatevye kugira ico ayishikirijeko, kuko yaciye yishura ngaho nyene muri Commentaire kuri urwo rubuga ko ata kindi atari ugushira Imana Imbere, aho yabivuze mu rurimi rw’igiswahiri.

Ismail akaba abishikirije mu gihe uwo muririmvyikazi ari no mu rindi higanwa rishasha ryatunganirijwe hano iwacu nyene, ariryo PlatformshowAwards, ariko rikaba ritariko ryakirwa neza na bamwe mu bari bashizwe mu gitigiri c’abahiganwa.

Ivyo kandi bishikirijwe mu gihe natacha ari mu bagirizwa kugura ubushimwe agize igihe ahabwa, naho we n’umugwi umuri inyuma ataco urabishikirizako. Iryo higanwa yasubiriye kandi gushirwa mu gitigiri c’abahiganwa, akaba mu myaka iheze yarigeze kuhatahukana ubushimwe butari buke, mbere akaba yaranajanye n’abamenyeshamakuru batandukanye bavuye hano iwacu bamuherekeje kuja gutora ubwo bushimwe.

Mwomenya ko Natacha ari mu baririmvyikazi ba hano iwacu bamaze gutahukana ubumwe butari buke buvuye mu mahiganwa, mbere bumwe bukaba bumaze no gushikirizwa umukuru w’igihugu, aho yanamushimiye ku gikorwa co guseruka mu makungu abandanya akora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037