IKIRUNDI_news

Muri Umuyabaga RMX ya Nziza Desire habaye impinduka

Hatanguye gushirwa ahabona amashusho ya mbere y’ibizoboneka mu ndirimbo Umuyabaga RMX ya Nziza Desire.

Ariko naho amasanamu y’iyo ndirimbo yatanguye gukorwa, amakuru dukesha Manager wa Nziza Desire Martin Kelly, ngo hari impinduka ziriko ziraba mw’ikorwa ry’iyo ndirimbo.

Mu misi iheze, muribuka ko twavuze ko bazokorana na Nina wo muri Charly na Nina, amakuru uwo musahirizi wa Nziza yaduhaye avuga ko ngo vyoba atariko bikimeze, ngo Hari impinduka bakoze.

Ntiyashimye kuduha umuco wose, ariko akizeza abakurikirana ibikorwa vya Nziza ko ibizoshirwa ahabona azoba Ari vyiza cane gusumba.

ntibaramenyenaka ko Nina yavuyemwo agasubirizwa uwundi, canke ari uwundi yongewemwo kugira biryohe gusumba, ariko icizere co ngo nuko arivyo vyiza gusumba

Gushika ubu Nziza akaba abarizwa I Kigali Aho ariko akorera ivyo bikorwa vy’umuziki n’ibiganiro bitandukanye mu Ntumbero yo kubandanya ashira itafari ku bikorwa vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037