BurundihomepageIKIRUNDI_news

Musitanteri Renovat Sindihebura yerekanye igituma ba ba mama batava mu gisagara hagati

Ikibazo c’abavyeyi badandariza mu gisagara hagati ca Bujumbura, ngo kiraraje ishinga abatware ba Komine Mukaza, nkuko Musitanteri w’iyo Komine aheruka kubishikiriza mu kiganiro yahaye bagenzi bacu. 

Muri ico kiganiro, yavuze ko barya bavyeyi igituma batwarwa mu masoko ariko bikarangira bagarutse aho bari bakuwe, ngo nuko inyungu baronkera harya iri hejuru y’iyo baronkera mu masoko baba barungitswemwo.

Kirya n’ikibazo kinduhishije, kuko barya bantu ni ba mama wacu, ni bashiki bacu, ni abadamu bacu, birya ntabwo babigira kubera bamerewe neza, babigira kubera ubuzima barimwo. Barya n’abantu babayeho ku musi ku musi, bashaka agakate ko gushobora kugaburira abana, rero n’ikibazo tumaze kurondera inzira nyinshi mugabo inyishu ziguma zigorana. Twari twipfuje yuko abo bantu bose boja mu masoko, mugabo uca usanga turya abantu bari bamenyereye kuronka biciye muri kirya kibanza ca harya mu gisagara hagati kubera haca abantu benshi, uca usanga nimba yahora yunguka 2000 ku musi, agiye hariya mw’isoko aca yunguka 500 canke ntayunguke. Ugaca usanga bica bituma aguma afise agatima ko kugaruka harya, harya naho kubera isuku, n’ukwubahiriza nyene uko igisagara gitegerezwa kuba kimeze, ntitwemera yuko barya bantu baba bari harya.” 

Muri ico kiganiro na Jimbere Magazine, uwo mutware yavuze ko bariko bipfuza kubashira muri Cooperative, noneho bace basaba abafise ama Hotel n’ama Restaurant Manini Manini akorera muri Mukaza, bashorere abo bavyeyi kugira ka gafu bahora baronka bari mw’ibarabara babandanye bakaronka.

“Ubu rero hariho iciyumviro catujemwo, turiko turiyumvira yuko barya bantu, twobagerageza kubashira hamwe bakagira cooperative, hama tugaca dusaba cane cane abantu bafise ama hotel n’ama Restaurant Manini Manini muri ino komine yacu, kugira ngo barya bantu tubashire hamwe, hama birya bidandazwa vyabo bagende babirangure, babishire hamwe hama barya bafise ama Hotel n’ama Restaurant nabo babashorere, kugira ngo bwa bufu yarakeneye aza kugura ku mugoroba, misi yose azokwame aburonka, mugabo yavuye mw’ibarabaraba.” 

Muri uwo mugambi, Musitanteri akaba yipfuza ko ako kamo bazotera abagwizatunga bafise ayo ma Hotel n’ama Restaurant Manini Manini, ngo bokitabira, kuko bazoba bakoze igikorwa ciza c’Imana n’ic’igihugu muri rusangi.

“Ivyo rero n’akamo dutera abagwizatunga, cane cane abafise ama Hotel n’ama Restaurant, kugirango hako baja gusumira hariya ku masoko, badufashe badutunge batuburane, bashorere barya ba mama, bazoba bakoze igikorwa ciza, bazoba bakoze igikorwa c’Imana, bazoba bakoze igikorwa c’igihugu.” 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717