BurundihomepageIKIRUNDI_newssecuritysociete

Mwaro| CVR: “Umugano warakoreye umugambwe i Mugamba” mu 1972

“Umugano warakoreye umugambwe i Mugamba, Micombero aragahora ku ngoma”. Ayo ni amwe mu majambo yari mu ruririmbo rwaririmbwa n’abariko baragandagura bunyamaswa abantu mu 1972 mu ntara ya Mwaro bivuye ku migano bakoresha mu kubica ngo yakurwa i Mugamba iherekejwe na Musitanteri wa komine Rumonge muri uyo mwaka.

Bishikirizwa n’umkuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, Pierre Claver Ndayicariye mu gikorwa uwo murwi watunganije i Gisozi mu ntara ya Mwaro, kuri uno wa 25 Nyakanga 2021 kijanye n’ugusozera vy’imfatakibanza ibikorwa wari umazemwo iyinga 3 aho mu binogo rusangi birenga icumi bazuyemwo ibisigarira birenga igihumbi vy’abantu bishwe mu rwimo rwo mu 1972 mu ntara ya Mwaro.

Bishikirizwa na Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi aho amenyesha ko mu binogo rusangi 9 batoye i Gisozi bakuyemwo ibisigarira 756, i Rusaka 367, i Makamba 55 nayo mu Kayokwe bahakura ibisigarira 20.

Nk’uko vyama bivurwa mu ntara zose uwo murwi umaze gukoreramwo, n’i Mwaro ngo ubwo bwicanyi butagira izina bwari bwateguwe n’inzego za Reta ya Micombero, kuwa 29 Ndamukiza 1972 aho mu ntara ya Mwaro imbere y’uko ubwo bwicanyi butangura ngo hari itangazo ryasomwe mw’isengero ryavuga ngo “Uwizeye Ntare ni azeruke”.

Mwomenya ko mu 1972, intara ya Mwaro ya “arrondissement” y’intara ya Muramvya, abarengutswa bamwe bicirwa aho nyene i Mwaro abandi bakajanwa kwicirwa i Muramvya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718