Entertainmenthomepage

Mwene amakosa muri kino kibazo c’ama Visa ninde?

Ibiheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu, bitanguye gukora Ku baririmvyi bamwe bamwe, bituma babura ama VISA yobatumye baja guca agafaranga i Buraya. Umwe muribo ni Double Jay, ibura rya Visa ryiwe ritumye akari i murore gashirwa ahabona, bamwe ngo ni bahabwe ibiteramo kuko bo bari I Buraya, abandi ngo nibiyandikishe hakiri kare, bareke kugorana hageze ko VISA iba nkenerwa. Abandi n’abo ngo nibatangure gucisha amahera muma Bank, kuko hamenyekanye ko navyo hamwe n’itangwa ry’amakori abanyaburayi babikenera kugira baguhe ikaze. Ariko n’abategura ibiteramo n’abo bagatera amakenga.

Ibintu birakaze, umwe mu bategura ibiteramo atanguye gutanga umuco Kuri zimwe mu mpamvu zituma abaririmvyi batabasha kuronka ama Visa. abarekurira kuja i Buraya.
Boris Evrard akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram yagarutse ku bintu bimwe bimwe bituma abaririmvyi bimwa ama VISA, mu gihe bamwe bo bavuga ko ivyo bintu vyari bikwiye gushirwamwo ukuboko n’abaserukira Uburundi muri ivyo bihugu.
Double Jay yokwitabiriye igiteramo yari yateguriwe mu gihugu c’Ubufaransa ariko bikanka ko abasha kujayo, kubera ukubura VISA, yavyuye vyinshi mu bakurikiranira hafi umuziki, kuko abatari bake baciye batangura kuvuga akari ku mutima.
Abatari bake barimwo Alvin Smith nawe yarafiseyo igiteramo, DJ Pro na DJ Mario babarizwa i Buraya, Kimana Stein Manager wa Bantu Bwoy akaba n’icegera c’uwutwara ishirahamwe AMB, hamwe na Boris Evrard bose baragarutse Kuri ico kibazo.
Boris Evrard ngo bimwe mu bituma abaririmvyi babura izo VISA, ni nk’ibura ry’ico mu congereza bita Bank Statement, kuko abatari bake atama Compte ya Banke bafise, canke n’izo bafise ntizicishweko amafaranga. Igituma ngo nuko abatari bagihemberwa mu ntoke. DJ Pro we yavuze ko haba hakenewe ayangana n’imiliyoni 100 ziba zimaze guca Kuri iyo Compte.
Iki umukuru w’igihugu akaba mu kiganiro yagiranye n’urwaruka rw’inkerebutsi yari yakivuzeko, aho yavuze ko abaririmvyi bari bakwiye kumenya Kuza baracisha amafaranga bahembwa muma Banke kugira bagire amahigwe yo Kuza barahabwa ingurane.
Ikindi cavuzwe ngo n’uko abaririmvyi batari bake batanditswe nk’amashirahamwe azwi mu gihugu, igica gituma batabasha gutanga amakori mu gihe baba bahawe kuba abaserukizi b’ibikorwa bitandukanye ( Brand Ambassador mu congereza) canke igihe bahembwe kubera bakoze ibiteramo bitandukanye.
Ibi nkuko uwo mugabo ari mu bategura ibiteramo mu gihugu ca Canada yabishikirije, biri mu bituma bamwe bimwa ama VISA, Kandi nabo bategura ibiteramo bigatuma n’abo batoroherwa.
Kuri ivyo hiyongereyeko ivyo Manager Stein nawe yashikirije, aho yavuze ko ikindi kibazo gihari, ari uko abaririmvyi batandukanye batariyandikisha muri AMB, noneho ngo iyo ama VISA abubiriye bakabona kuja kurondera kwiyandikisha ngo bahabwe amakarata abaranga ko ari abaririmvyi.
Ibi bikaba bica biza gutanga umuco, ku biheruka gushikirizwa n’abaririmvyi ku kibazo c’ibiteramo bitegurirwa abaririmvyi b’abarundi, ariko bikarangira ata wuhonyojeyo ukuguru, kubera ukubura ama VISA.
Alvin Smith mu biheruka gushikirizwa nawe Kuri Facebook yari yasavye ko abaserukira Uburundi mu mahanga bobijamwo, kuko ngo ikibazo ari abarundi bagiye I buraya ari benshi, baciye muri Serbie, ngo vyatumye Passport y’indundi itaba icoroshe kuronka agaciro mu buserukirizi bw’ibihugu bitandukanye.
Nayo DJ Pro we akaba yavuze ko hanabura n’abokwishingira abo baririmvyi batandukanye baba bashaka kuja muri ivyo bihugu, ngo nibareka gusubira inyuma mu gihe bahejeje gukora ibiteramo, baronke uwo babaza.
Muri abo babishikirije abatari bake bahanuye abaririmvyi ko bakwiye guhagarika Kuza barashikiriza ko hari ibiteramo bafise muri ivyo bihugu, imbere Yuko baronka ama VISA abaha uburenganzira bwo Kuja muri ivyo bihugu.
Mista Champagne we akaba yayiciye umurya, ngo we naho atana rimwe arashira ahabona ko yaronse igiteramo ku mugabane w’uburayi, ariko ngo buri gihe arabironka, ariko ntabivuga, abanza kurindira ko aronka VISA, kugira bikunde abashe kuyishira ku munwa.
Ariko naho amakosa abatari bake bariko bayata ku baririmvyi, twari dukwiye no kwibaza Kuri abo bategura ibiteramo, kuko bo twizera ko baba babimenyereye. None ntibaba bazi ibisabwa kugira babashe gutumira abo baririmvyi? Kuki bo batabanza kubabaza nimba babikwije imbere yo gukoresha izo cover z’ama Concert?
Ikindi twogarukako, ni ibiheruka gushikirizwa na Kigingi mu kiyago yagiranye na Landry Promoter, aho yamenyesheje ko abaririmvyi canke abatumiwe, bari bakwiye Kuza baranabaza abarundi benewabo baba mu bihugu baba batumiwemwo, kugira bamenye nimba uwo abatumiye asanzwe ategura ibiteramo, Kandi Ari serieux. Igituma ngo n’ukugira ibibazo bitandukanye bavyirinde.
Naho ikibazo c’ama VISA ari ikibazo gikomeye, abategura ibiteramo bakorewe Urutonde rw’abaririmvyi basanzwe babarizwa ku mugabane w’uburayi bokwifashisha mu biteramo. Abo bakaba ari nka big Fizzo, Natacha, DJ Pro, Kebby boy, Yves Melody, D Gun, Kigingi, Preezy 36, Kiki Houston , Pizzo John, Boy23 na DJ Mario.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722