kirundi

N’abategetsi barashigikira abanyempano mu kubatera intege

Duhereye kuri Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arashigikira cane abanyempano ndetse akabaremesha ko ari ubuzi nk’ubundi agasaba n’abantu kubashigikira.

Si agaseseshwa rumuri n’ubwo hari abidoga hari n’ababeshejweho n’impano zabo.

Umuririmvyikazi Bernice Irumva muzi kw’izina rya Bernice the bell asanzwe aririmba indirimbo z’akaranga yarakiriwe mu biro vy’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu no gufashanya mw’iterambere, Amb. Albert Shingiro, aho baganiriye kubijanye n’urugendo agiye gufata yerekeza muri Rabat muri Maroc muri Festival ikomeye izohuriramwo abanyabuhinga bavuye mu mihingo itandukanye hakazoba ari kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo 2022.

Bernice azofata indege igenekerezo rya 15 Munyonyo 2022.
Ambassadeur Albert Shingiro akaba yaramweretse ko amushigikiye yongera aranamutera intege.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455