IKIRUNDI_news

Naho batanguye kuvuga ivya Ndimbati, ngo ashobora kutaza

Haheze imisi havugwa umuzo wa Ndimbati u Bujumbura mu giteramo ca Kigingi Summer Comedy kizoba muri uku kwezi kw’8. Ariko ivyo ngo bishobora kutaba.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo mukinyi w’amareresi atamenyerewe mu biteramo vyo gutwenza muri ico gihugu, yavuze ko naho hano iwacu batanguye kuvuga ku muzo wiwe ngo hakiri inzitizi zitandukanye zituma ashobora kutaza.

Muri ico kiganiro, uwo mukinyi wo mw’ireresi Papa Sava, avuga ko Hari ivyangombwa bakirondera bitaraboneka, na rirya basanzwe muri bino bihe bari muri Guma mu rugo I Kigali.

Ivyo bigaca bisigura igituma uwo mukinyi ataco aravuga kuri ico giteramo yatumiwemwo ku mbuga ngurukamabumenyi asanzwe akoresha nka Instagram.

Mwomenya ko Ico giteramo Kigingi Summer Comedy kizoba igenekerezo rya 8/8 isaha umunani z’umuhingamo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037