homepage

Nasibu yerekanye abagore 8 avuga ko bazokwama ku mutima wiwe

Kuri uno wa 8 Ntwarante isi ihimbaza umusi mukuru wahariwe abagore, Diamond yerekanye abagore avuga ko bamubaye inyuma ngo bagatuma aba uwo ariwe uno musi.

Muri Post yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Nasibu yavuze ko abo bagore batumye ashika kure. Ariko kandi ngo muri urwo rugendo yarimwo, yarungitse vyinshi, arakosha, arababaza ariko kandi ngo aranababaza.

Uwo mwanditsi w’indirimbo JEJE yavuze ko abo bagore bagize igikomeye bakora mu buzima bwiwe, anavuga kandi ko abo uko biri kwose ngo bazokwama bari ku mutima wiwe imyaka yiwe yose.

Abo bagore yashize ahabona, yashizemwo 4 bakundanye, Wema, Zari, Hamissa, na Tanasha. Yongeyemwo umukobwa wiwe w’imfura, ashiramwo na bashikiwe 2, Queen Darling na Esma.

Bamwe muribo bakaba bataretse kugira ico bashikiriza kuri urwo rubuga ico nabo bafise ku mutima kuvyo yashikirije. Mubagize ico bashikiriza hakaba harimwo Wema Sepetu,Queen Darling, Esma Platnumz hamwe na Mama wiwe.

Abandi bagize ico bashikiriza, ni nk’ama page y’abanyarusaku muri ico gihugu babona ko uwo muririmvyi atabavuze bose, ariko hari bo yibagiye. Abandi nabo n’abafana b’abo bagore aho babona ko hari abo mu muryango wiwe avuguruje.

Mwomenya ko ivyo bishitse mu gihe hari amakuru menshi avuga ko atakirikumwe n’umuvyeyi w’umwana wiwe, Nasibu Junior. Imvo y’ukwo kuvana ikaba itaramenyekana, kuko bose uko ari 2 ata wushaka kugira vyinshi abivuzeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686