Entertainmenthomepage

Natacha nawe akaba yabonye Verification Kuri Instagram

Natacha Ngendabanka azwi nka Natacha Burundi Ku mbuga hwaniro, urubuga rwiwe rwa Instagram, ruri mu ziharurwako abantu benshi muri Afrika y’ubuseruko, rwahawe akamenyetso ko ruri Verified, naho yagirijwe kugura abantu bamukurikirana Kuri urwo rubuga.

Natacha Ngendabanka urugendo aherukamwo muri Tanzaniya ntirwabaye impfagusa, kuko yahavuye aronka akaryo ko gufashwa kugira urubuga rwiwe rwa Instagram rubashe kuronka agaharama ka Verification.

 

Nkuko twabashije kubibona, urwo rubuga muri iyi misi rukaba rwaciye ruba Verified, nawe ashimira abamufashije kugira urwo rubuga rubaze gukingirwa.
Urwo rubuga rwahawe iyo Verification rukaba arirwo rubuga rufise abarukurikirana benshi cane, kuko mu Barundi mbere no muri Africa y’ubuseruko, abaririmvyikazi, bamusumvya abo bita aba Fellows baharurwa ku ntoke.
Natacha urwo rubuga rwiwe rukaba rufise abarukurikirana 1,300,00. Ariko kuva urwo rubuga atangura kurukoresha abo.bantu bakaba bataduga canke ngo bamanuke, ivyahavuye bikorwako Memes ku rubuga rwa Twitter, n’uwitwa Umuhirwa.

Uwo muntu Kuri Twitter yanditse ko Natacha ariwe muririmvyi wenyene akwiza abamukurikirana 1,300,000, ariko Kandi akaba ari nawe wenyene amara imyaka 3, Instagram yiwe itiyongereye abayikurikirana canke ngo bagabanuke.
Ivyo akaba yavyanditse uko kuko kuva havugwa ko Natacha yaguze iyindi Compte ya Instagram, yayiguze iri ku Bantu 1,300,000 bakaba batarahinduka kuva ico gihe.
Natacha akaba abaye uwundi muririmvyi abashije kuronka iryo harama ritagitangirwa Ubuntu, ahubwo risigaye ririhishwa amafaranga arenga Gato 48,000 fbu buri kwezi.
Natacha Kandi akaba imbuga ziwe za Facebook na Instagram, ziciye ziba Verified.
Urubuga rwa Instagram rwiwe nyene rukaba rwerekana ko rwabaye Verified muri uku Kwa 6, rugakoresherezwa mu Burundi, rukaba Kandi rwakoze mu mwaka wa 2014. Nayo guhindura izina, bikaba bimaze gikorwa rimwe risa.
Mukamenya ko abaririmvyi b’abarundi bari Verified ku mbuga zitandukanye zaba Facebook, Instagram, canke Twitter bagihaturwa ku ntoke. Abazwi ni nka Big Fizzo, Sat-b, Mt Number one, Mista Champagne n’abandi bake cane.

Nayo iki kijanye no kwagirizwa kugura abantu bagukurikirana, bikaba bitamwagirijwe wenyene, kuko Bruce Melodie wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, vyavuzwe ko bashobora gukorana igikorwa, nawe nyene mu mwaka uheze, haravuzwe ko yabashije kugura abamukurikirana barenga 200,000 mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722