IKIRUNDI_news

Natacha urubanza rumwe rumara zibiri

kuva kw’igenekerezo rya 11Rusama Natacha yafashe rutema ikirere imushikana mu Gihugu c’Ubuganda arikumwe na Manageur wiwe Raphaël Nyandwi.

Intumbero nyamukuru yabajanye kikaba ari igikorwa bakoranye na Roberto Zambia mu rukurikirane rwiwe(album)ariko arategura kw’izina rya Journey to the East.
Robert akaba yashimye gukorana nuwo Muririmvyikazi indirimbo yitwa “follow” nayo ibarizwa muri urwo rukurikirane, audio ikaba yaraheze hakaba hariko hategurwa vidéo murico Gihugu nyene.

Mu gihe akiri muri ico gihugu umusi umwe gusa umukuru w’igihugu caho arahira henshi harateguwe ivyo bita (After party), umuririmvyikazi Natacha akaba nawe yatumiwe kuzaguteramisha Abantu.
Nayo
igihe azogarukira tubajije Manager Rapha akaba ataco yashimwe gushikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037