homepage

Natacha yahakanye ubumaraya bwagizwa abatari bake mu baririmvyikazi

Natacha yavuze uburyo yitwaye mu gihe yaca aho abatari bake bamusaba kuryamana nawe kugira bamufashe mu muziki wiwe.

Mu gihe abatari bake badakunze kuvuga ku buzima babayemwo bakiri bato mu muziki, Natacha we ntiyariye umunwa yavuze vyose ashira ahabona, anavuga n’igituma atigeze amenyekana mu bihe vya mbere, kandi ntanakorane  n’abaririmvyi b’abahungu kuva akiri muto mu muziki.

Mu kiyago yagiranye na mugenzi wacu Spok’s mu kiganiro PPF Show gica kuri BETV, yavuze ko abakobwa bagitangura umuziki bagira ibibazo bikomeye. Muri ivyo bibazo hakabamwo ko uwo yikozeko wese ngo amushigikire muri ico gikorwa aba atanguye, amusaba kuryamana nawe.  Abo bamusaba iryo shano ngo bakaba bari mu mice itandukanye irimwo abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abahinyanyuzi n’abandi.

Bamubajije nimba yarabashije kwemera kuryamana n’umwe mubabimusavye, yahakanye ko ivyo atawe yigeze avyemerera. Igituma nuko ngo yarafise iyo aja kandi n’ubu azi ivyarimwo. Nkuko abishikiriza Natacha akaba yaragerageje kwirwanira kugira ntiyinjizwe muri ubwo busambanyi bukorerwa abatari bake. Akaba avuga ko yashimye kwihangana kugira azokwifashe buke buke.

Ngendabanka  akavuga ko yatanguye kuririmba mu ma Karaoke akiri mu mwaka w’10 w’amashure yisumbuye, Ivyo bikaba vyatumwe n’uko yabonye nyina yaratanguye gusa nabi kubera ukuronderera umuryango w’abana batari bake bavukana nawe, kuko ngo babuze se bakiri bato cane. Muri ico gihe Natacha ngo yakora imisi 3 mu ndwi, kuwa gatanu, kuwa gatandatu, no ku musi w’Imana, kugira ashitse ico yemereye nyina ko azofasha umuryango, ariko we aruhuke.  

Mwomenya ko ivyo abishikirije mu gihe asa nkaho ari wenyene mu baririmvyikazi b’abarundi  bariko barakora bigashimwa. Abatari bake bakaba bagiye bahaca ariko bagasa nk’abagenda batumuka nk’ifu y’imijira, ntihamenyekane igituma batakiboneka mu bikorwa vy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686