IKIRUNDI_news

Natacha yaronse Bleu Verification Badget ya Facebook

Natacha Ngendabanka nawe yamaze kuja mu gitigiri c’abarundi bafise imbuga ngurukanabumenyi zabo zifise Bleu Badget. 

Kuri uyu wa kane niho uwo muririmvyikazi yashira ahabona ko yabashije kuja muri ico gitigiri kuko urubuga rwiwe rwa Facebook rwamaze kuronka ico kimenyetso cerekana ko ariwe ayikoresha nyene.

Mu butumwa yashize ahabona akaba yerekanye uwabikoze, akanavuga ko ahubwo ko barindiriye ko haboneka n’ako kuri Instagram, ari nayo ikomeye kuko ikurikiranwa n’abarenga 1,000,000. Ubwo bikaba bishoboka ko na Youtube nayo izoca ishikirwa kuko nayo itaraba Verified.

Mwomenya ko ivyo bishikiye rimwe n’uko urwo rubuga rwiwe rwa facebook rushikanye Followers 300,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037