IKIRUNDI_news

Natacha”Aba kenyezi bose ni ba mama wanje”

Isango ryari ririndiranywe igishika k’umukenyezi wese ryaraye rishitse, vyaraye bibonetse ko umusi wagenewe umunarugo aba ari umusi barekuriwe kwidagadura, ndetse no mu bubare butandukanye uhaciye wamengo igitsina gabo nticari cemerewe kw’injira.

Igenekerezo rya 08ntwarante (8 mars) umusi wahimbajwe mu Burundi, aho vyari bitegekanijwe ko abakenyezi Bose bahurira mu ntara ya Gitega ariko n’abatashoboye kujayo nticabujije ko bawuhimbariza i Bujumbura.

Natacha umwaka wa 2017 vyari vyiza yari yarabikoze yasubiye kandi kubikora 2021.

Imfashanyo igizwe nibiro 5 vy’ ifarini ya Azania igitenge gicafyeko Natacha ishusho yiwe,umuceri , n,ibiharage nivyo yashikirije abageze muzabukuru bo muri commune ya Kinama
Kubwabo ngo barashima iyomfashanyo Imana ibandanye kumuhezagira imusubirize naho yakuye.

Ndazi ko abenshi mutayobewe ko Natacha avuka muri komune ya Kinama, ariko nti muzi ngo ni amajahe?, indundi magazine yaraye ihaba hatohoreje Natacha ngendabanka yarukiye muri karatiye Muyinga yo ngaho mu Kinama.
Mugire Aho muba mwubahwe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037