footballhomepageIbiyovyabwenge

Ndayisenga Kevin Dambo yerekeje muri Rayon Sports

Umukinyi w’umusatirizi w’Umurundi Ndayisenge Kevin Dambo yerekeje muri Rayon sports .

Ivyo bikaba vyanditswe muri kimwe mu binyamakuru cegukira Umugwi Rayon sports , bikanavugwa y’uko uyo musatirizi ashobora gutangura imyimenyerezo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Kigarama umwaka wa 2018.

Bikavugwa y’uko ashobora gusubirira Bimenyimana Bon Fils Caleb ashobora guhagarikwa burundu igihe yosubira kuronka ikarata itukura nk’uko amategeko y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ribivuga FERWAFA.

Kevin Ndayisenga yavukiye mu Burundi mu mwaka wa 1995 akaba asanzwe afise ubwene gihugu bubiri Uburundi ndetse n’Urwanda ico co kuba n’umunya Rwanda gishobora kumuha amahirwe yo gusinyishwa muri Rayon sports agakina nk’umunya Rwanda ndetse akaba amaze no gusabirwa ITC muri FiFA .

Kevin akaba yari asanzwe akina mu gihugu c’africa y’epfo mu mugwi Jomo Cosmos Fc wo mu cicaro ca kabiri .

Uyo musatirizi imbere yo kwerekeza mu gihugu c’africa y’epfo muri jomo cosmos yari yagiye kugeragezwa mu mugwi Simba sc wo mu gihugu ca Tanzania birava biranka ko bamugumana .

Mu Burundi akaba yarakiniye mw’imwe mu mugwi ikoma komeye nka Vital’O Fc, Athletico Olympic , Union Sporting Fc hamwe na Buja City .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807