IKIRUNDI_news

Nelly Nadia nawe ngo asigaye afise umuzungu nka Natacha, ntiyobura 2,000,000

Ugufatwa nk’ikigirwamana, ukuronka umuzungu, ukuba atagikurikiranira hafi ivy’umuziki ndundi, canke ukuba aho umwe aciye uwundi yohaturira (Natacha na Nelly) ni bimwe mu vyumvikanye mu kiganiro uwo mwigeme yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu. 

Uwuzi Nelly benshi bari bakunzi kwita Nelly nat, barazi ko yarasanzwe ari umwigeme afana cane umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka. Ariko ubu aho bigeze, ngo aho umwe aciye, uwundi yohaturira.

Inyuma y’insaku nyinshi zavuzwe ko uwo mwigeme yafungiwe mu bitaro, ko yaguranye amahera Natacha bakayamwima, ko yahinduye izina kuko batagicana uwaka na Natacha, yatanze umuco mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Mu kiganiro na Just Gael, Nelly yavuze ko yahinduye izina atacitwa Nat ari Nadia, ivyo ngo n’ukugira izina ryiwe rivavanure n’impari zitandukanye zihaba iyo umuntu ashigikiye umuririmvyi uyu akareka uriya. Aho akabivuga afatiye kuko ngo akazi akora uno musi katamuha uburenganzira bwo kuguma mu ndyane.

Nelly yanabajijwe ivy’ayo mafaranga 2,000,000, yoba yaraguranye Natacha, agerageza kutavyemera, ahubwo avuga ko avuga ko abamukikuje batabuze ayo mafaranga ku buryo bwuko yofungirwa mu bitaro. Yavuze ko agifise abavyeyi bose, kandi nawe asigaye afise umuzungu, bityo ngo ubwo atobubura.

Nelly ariko yahavuye avuga ivy’ukudashigikira Natacha aho yavuze ko yamukuye mu gitigiri c’abari hafi yiwe, kuko yasanze atari mubomushikako mu gihe agize ikibazo. Akaba yanagiriyeko anavuga ko ari nka hamwe abonye umuntu amufana nkuko yabikoze kuri natacha atomwemerera kuko ngo yoba amufashe nk’ikigirwamana, ibishobora kwumvikanisha ko nawe yoba yamurutisha vyinshi.

Nelly Nadia asigaye abarizwa ku mugwa mukuru wa Politique, avuga ko atagikurikirana cane ivy’umuziki, kuko ubu yegerege ibikorwa bitandukanye ashobora gukorana n’abategetsi, bituma atabasha kuronka akanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037