Entertainmenthomepage

Nelly Nat yashize Bobona na Esther Nish mu gatebo kamwe

Mu gihe Bobona adaheruka gushira ahabona Indirimbo nshasha, ariko adahengeshanya gusangiza abamukurikirana Logos y’izina ryiwe hamwe n’umuryango w’inzu yanditseko Bobona Music, uwo muririmvyi bamwihanije.

 

 

Umunyarusaku Nelly Nat yasavye uwo muririmvyi abarizwa mu Butariyano, ko yohagarika kwerekana ivyo bintu ariko agasohora indirimbo nshasha.

Kuri ayo majambo gusa, intambara yaciye isutama, aho Bobona yavuze ko akazi ko kurera abana ariko komubera, mbere anamubwira ko avyemeye yoja kurera abiwe.

Nelly Nat ntiyatanzwe kuko uwo mwigeme yahavuye nawe asohora amajambo bavuganiye Kuri Whatsapp, aho habonetse amajambo adahumuriza.

Uwo mwigeme ntiyagarukiye ngaho, kuko yanabandanije aterana amajambo n’umuririmvyikazi Esther Nish aho habonetsemwo n’amajambo y’uko umwe atoba asumba amafaranga uwundi.

Nelly Nat akaba akatari gake ahorwa kuba atazi kubika ibanga, kuko akatari gake amaze gusa n’uwusesera agafu abaririmvyi batari bake.

Aba baririmvyi bakaba biyongereye Kuri Alvin Smith yaheruka kumenyesha ko yigeze gushaka kumukubita, kuko yari yatanze amakuru atariyo, ariko akaza gusanga kumukubita kwoba ari ukwitera ibibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722